Prezida Moon (i buryo) yiyemeje gukomeza imigenderanire na Korea ya Ruguru
Korea Yepfo yasavye ubutegetsi bw’iya Ruguru guhagarika ibikorwa vyose vyotuma uruhagarara rwiyongera mu karere inyuma y’amajambo imaze iminsi ishikiriza.
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Park Su-hyun, yavuze ko leta iriko irihweza inzira zose zotuma urwo ruhagarara rurangira.
Korea ya Ruguru imaze igihe imenyesheje ko ishobora gutera « missiles » zine kw’izinga rya Guam riri mw’ibahari rya Pacifique mu karere ka Amerika, izo « missiles » zigashobora kuba zamaze gutegurwa mu ndwi iza
Ubutegetsi bwa Pyongyang bwimye amatwi igabisha rya Prezida Trump ko iterabwoba rizokogwa kuri Amerika rizokwishugwa « umuriro n’ishavu », buvuga ko ridasiguritse.