Kenya: Ibiharuro vya nyuma vy’amatora bigiye kumenyekana mu kanya, turabibashikiriza tubashikirize nuko igihugu cifashe muri rusangi.

Umukozi mukuru mu kanama kajejwe amatora ka Kenya, IEBC, Ezra Chiloba
Akanama kajejwe amatora ka Kenya, IEBC, kari mu bikorwa vya nyuma ngo gashobore gutangaza ibitigiri vya nyuma vy’amatora y’umukuru w’igihugu mu masaha make.

Ibitigiri vy’imfatakibanza vyerekana ko umukuru w’igihugu yahahora, Uhuru Kenyatta, yatsinze uwo bahiganwa, Raila Odinga, ku majwi make.

Urunani NASA narwo rwaratangaje ku munsi wa kane ibitigiri vyarwo bishira Raila Odinga mu kibanza ca mbere, mu gihe abarurongoye bari bavuze ko hari ubusuma bwari bwakorewe muri mudasobwa butuma adatsinda.

Muri kino gihe umugwi IEBC ukikujwe n’abaserukira imigambwe hamwe n’abarorerezi bahinyuza amajwi yarungitswe kuri mudasobwa bakoresheje ivyegeranyo (biri ku rukaratasi 34B) vyarungitswe n’ibiro vy’intara z’amatora, iziri ku rushi nikaba zitari bwarungike ivyo vyegeranyo gushika sasita zo ku munsi wa gatanu, amasaha ya Afrika y’ubuseruko.

Abahagarariye amatora bo ku rwego mpuzamakungu, bo bavuze ko amatora yabaye mu mwidegemvyo kandi mu kuri.