Leta y’uburundi irahumuriza abatinya guhunguka.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bumenyesha ko Abarundi bahunze Uburundi ariko badakurikiranwa n’ubutungane bashobora guhunguka kandi ko bazoshikirizwa mu vyabo basize mu Burundi.
Muri ubwo bushikiranganji bemeza ko urutonde rw’abahunze bakurikiranwa n’ubutungane ruzwi, kuko n’imitahe y’ukubahagarika ihari. Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ahumuriza aboba bafise amakenga ko bazoshikirizwa ubutungane nibataha, akababwira ati : « Hakaba hari ico batinya, nibaba banyumva, ndabasavye, ejo baze bose tubategere, basubire mu miryango yabo.

Impunzi zigera ku bihumbi 162 nizo zimaze gutahuka ku bushake bwazo, nk’uko vyemezwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, muri ubwo bushikiranganji bakamenyesha kandi ko n’abandi barenga ibihumbi 150 bava muri Tanzaniya bitezwe mu minsi ya vuba. Umurwi urimwo abaserukira Reta y’Uburundi, abaserukira Reta ya Tanzaniya, hamwe n’abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu HCR ukaba waratanguye kwigira hamwe ingene abashaka gutaha ku bugombe bwabo boshikanwa mu Burundi.