Naho urwego rw’umuhuza w’abarundi rutaronkejwe uburyo bukwiye bwo kurangura ibikorwa,umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA amenyesha ko ibikorwa bitari bike mu bijanye no guhuza abarundi hamwe no gutorera inyishu amatati vyaranguwe mu gihugu cose.
Ashikiriza ivyaranguwe n’urwego rw’umuhuza mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka wa 2017 imbere y’inama nshingamateka,umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yamenyesheje ko mu mezi atandatu amaze muri ayo mabanga yakiriye abamwitura 129, muri abo 30 baratunganirijwe,56 bariko baratunganirizwa 43 nabo ivyab ntibiratangura kwigwa.
Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yavuze ko mu bindi bikorwa vyatunganijwe ari amanama ahuza abanyeporitike yabereye mu ntara zitandukanye z’igihugu, mu ntumbero yo gutegura neza amatora yo mu mwaka wa 2020.
Umuhuza w’abarundi yavuze ko ibijanye no kwegerza abanyagihugu ibikorwa vy’umuhuza ari igikorwa gisaba uburyo kuko bisaba k bashinga aho bakorera mu ntara zitandukanye. Umuhuza w’abarundi yemeye ko mu minsi ya vuba bazoshikiriza integuro y’uburyo bukenewe kugira bugurure aho bakorera gutyo,bafashe kugira umuryo buboneke.
Inyuma yo gushikiriza ivyaranguwe abashingamateka bagarutse ku kibazo c’abakuwe mu matongo mu gace ka Kagaragara kari muri zone Buringa mu ntara ya Bubanza, bipfuza kumenya aho urwego rw’umuhuza ruhagaze.
Umuhuza w’abarundi yavuze ko ico kibazo bakizi kandi ko kiri mu minwe y’inzego zibijejwe, ariko ko urwego rw’umuhuza ruriko rukurikiranira hafi ko inyishu zitegerezwa gutorwa arizo ziriko ziratorwa.
Naho yaba umuhuza w’abarundi canke umukuru w’inama nshingamateka bose bashima ivyaranguwe n’urwego rw’umuhuza mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka wa 2017, Edouard NDUWIMANA, umuhuza w’abarundi amenyesha ko hari ibibazo bikomeye bahuye navyo bikaba bishingiye ku buryo bwo gukora budakwiye buhabwa urwego rw’umuhuza.
Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yavuze kandi ko kuba hari abanyagihugu n’abamwe mu nzego za Reta bataramenya neza igikorwa c’umuhuza w’abarundi bigatuma bazimira aho bategerezwa kwitura.
Umuhuza w’abarundi yemeye ko urwego arongoye rutazohengeshanya gukora rwisunze amategeko mu ntumbero yo gutorera umuti ibibizo vy’abarundi babitura.
Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yavuze kandi ko muri kazoza biteguye gukwiza ibiro mu bice bitandukanye vy’igihugu,bongere barondere aho bakorera habo.