PARCEM : Kumenya uko igihugu cifashe vyotuma urwaruka rutagirwa ikiraro n’abanyeporitike 

Ishirahamwe ryishinze guhamagarira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM rimenyesha ko rigiye gutanguza urugamba rwo guhimiriza urwaruka kugira rumenye aho igihugu cabo kigeze ugereranije n’ibindi bihugu, kuko urwaruka rudafise akazi ruri ku rugero runini, bigatuma rukoreshwa n’abanyeporitike.
Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 11 myangadagaro 2017,umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin NDIKUMANA yamenyeshako mu gihe buca hahimbazwa umusi mukuru wahariwe urwaruka, ko bagiye gufasha urwaruka kugira ruhindure ingendo rushobore kwigenga mu vyo rukora .

Umukuru wa PARCEM yavuze kandi ko bazofasha urwaruka kumenyekanisha ivyo bakenera ,hamwe no guhimiriza abanyeporitike n’abajejwe intwaro kugira bashobore gutorera inyishu ibibazo bihanze urwaruka rwo mu gihugu.

Faustin NDIKUMANA yavuze ko izo nyigisho bagiye gutanga zizofasha urwaruka kuvavanura guhendwa n’abanyeporitike, kugira rushobore kwigenga mu vyo rukora kuko umusi waruhariwe buca uhimbazwa .

Igihugu c’Uburundi kiri muri bitatu vyanyuma bikenye kw’isi kandi 75 kw’ijana vy’abanyagihugu b’Uburundi ari urwaruka, 65 rwo mugisagara ca Bujumbura ,na 55 kw’ijana rwo hagati mu gihugu ata kazi rufise.

Faustin NDIKUMANA yavuze ati : “Buca hahimbazwa umusi wahariwe urwaruka 75 kw’ijana vy’abarundi ari urwaruka kandi 65 kw’ijana rw’I Bujumbura na 55 kw’ijana rwo hagati mu gihugu bose ata kazi bafise, bigatuma bagirwa ikiraro n’abanyeporitike. ”

Mwomenya ko umusi mpuzamakungu wahariwe urwaruka wama uhimbazwa igenekerezo rya 12 myandagaro buri mwaka,mu Burundi uwo munsi uzohimbazwa kw’igenekerezo rya 18 Myandagaro 2017, mu ntara ya Kirundo.