
Urunani rwa Raila Odinga, NASA rusaba abayoboke barwo kudatonda ku kazi ku mbere
Umukuru w’urunani rutavuga rumwe na reta, Nasa, Raila Odinga yabonetse ubwa mbere kuva atsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu na prezida Uhuru Kenyatta, mu rugendo bagize mu karere ka Kibera mu gisagara ca Nairobi,
Kibera hamaze imisi hari ugutana mu mitwe hagati y’abayoboke ba NASA batemera ivyavuye mu matora hamwe n’igipolisi.
« Nta vyinshi mvuga uyu musi. Nzosubira kugira ico nshikirije ku wa kabiri, » ni ko Odinga yavuze.
Raila Odinga yagirije reta gukoresha iguvu zirenze urugero, asaba ko haba n’agacerere ko kwibuka abamaze kwitaba Imana.
Abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu myiyerekano mu karere ka Mathare mu gisagara ca Nairobi
Twari twagabishije ko igipolisi gishobora gukoresha inguvu nyinshi.
« Twari twerekanye ibimenyetso ko bashobora kwica, » uko ni ko Odinga yongeyeko.
Umwe mubarongoye urunani NASA, James Orengo yahamagariye abayoboke babo kudatonda ku kazi ejo ku musi wa mbere. Abapolisi bajejwe kugwanya imidurumbanyo mu gisagara ca Kisumu
Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu muri Kenya KNCHR rivuga ko gushika ubu abantu 24 ari bo bamaze kwicwa, cumi n’indwi ngo bakaba biciwe mu gisagara ca Nairobi.
Onu ihamagarira Raila Odinga guhagarika gukoresha amajambo akarishe no gusaba abayoboke biwe gutekana, ivyo basaba bigaca mu mategeko.