Raila Odinga yari ahanganye na prezida Uhuru Kenyatta mu matora y’umukuru w’igihugu
Amakungu ariko araterwa igitsure uwatsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu muri Kenya Raila Odinga, ngo umugambwe wiwe uhagarike amajambo akarishe yongere asabe n’abayoboke biwe gutekana.
Umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres, yahamagariye Raila Odinga gutanga ubutumwa adacishije ku ruhande abayoboke biwe ngo birinde imidurumbanyo.
Mu majwi amaze guharurwa, Kenyatta aza imbere y’uwo bahanganye Raila Odinga
Raila asaba kudahuza ibitsina buca haba amatora
Ikinyamakuru kimwe co muri Kenya na co nyene cahamagariye Odinga gusaba abayoboke biwe ngo batekane, ariko kandi baranebagura ikoreshwa ry’inguvu zirenze urugero mu myiyerekano yakurikiye itangazwa rya Uhuru Kenyatta ko ari we yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu.
Nta kimenyetso cerekana ko hariko haraba imyiyerekano mu gisagara ca Nairobi ku musi w’Imana.