Somalia: Umugabo yahoze akomeye muri al-Shabaab yitanze

Abategetsi bo muri Somalia baravuga ko umugabo yahoze akomeye mu mutwe wa Al- shabaab, Mukhtar Robow, yishize mu maboko ya leta.
Yitangiye n’abagize umutwe wiwe witwaje inkoho mu muji wa Hudur uri mu majepfo y’uburengerazuba bw’igihugu.

Bwana Robow yari yungirije umukuru wa al-Shabaab akaba n’umuvugizi w’uwo mutwe mbere yo gushwana nawo hashize imyaka ine.

Mu kwezi kwa gatandatu, Leta zunze ubumwe za Amerika zavanyeho igihembo ca miliyoni zitanu z’amadolari cyari kigenewe uzatanga uwo mugabo.

Biravugwa ko Mukhtar Robow akiri intagondwa igendera ku matwara akaze y’idini ya Islamu.

Umutwe wa al-Shabaab ukomeje kugenzura uduce twinshi two muri Somalia kandi ukunze kugaba ibitero muri Kenya.

Erega abo bagwanyi bose ba El shabaab, Al-Kaida na Boko- Harhaam barafise ico bahuriyeko:

1. Amatwara ya ki Islam

2. Gushiraho intwaro zishingiye kwidini rya ki Islam

3. Ukwica no gutoteza aba Kristo n’abandi bose badafise ivyiyumviro vyabo.