

Impunzi z’abarundi zihungutse ziva mur Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo
Impunzi 70 zigizwe n’imiryango 24 nibo bashitse bavuye mu gihugu ca Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo, bakaba binjiriye ku mupaka wa Gatumba, mu burengero bw’umurwa mukuru Bujumbura.
Iyo miryango ukwo ari 24 yahora mw’ikambi y’impunzi y’i Lusenda, mu ntara ya Kivu Yepfo mu buseruko bushira ubumanuko bwa Congo. Bavuga ko bahunze intureka zaturutse ku kiringo ca gatatu c’uburongozi bwa Prezida Pierre Nkurunziza.
Imiduga ya HCR niyo yatahukanye impunzi
Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu Thérence Ntahiraja niwe yakiriye iyo miryango igizwe n’abagore, abagabo n’abana bazanywe n’amakamyo y’ishirahamwe ryitaho impunzi « Haut Commissariat pour les Réfugiés » (HCR).Abo banyagihugu bavuga ko bahungutse kubera ko amahoro yagarutse mu Burundi.
HCR ivuga ko Abarundi bahunga, leta ikavuga ko batahuka
Ikambi y’impunzi y’i Lusenda iri mu karere ka Fizi, icumbikiye impunzi 30000.