Akamo katewe n’umukuru w’urunani rutavuga rumwe na Reta Raila Odinga (NASA) ko guhamagarira abayoboke biwe kutaja ku bikorwa mu ntumbero yo kwiyamiriza ivyavuye mu matora, ntikitabwe n’abantu nk’uko vyari vyitezwe kur’uno wa mbere.
Amazu y’ubudandarizo menshi yo ku murwa mukuru wa Nairobi hamwe no mu ntara nyinshi zigize ico gihugu, yuguruwe n’abadandaji kur’uno wa mbere inyuma yaho kuva amatora aba ku musi wa kabiri w’indwi iheze yari yugaye.
Raila Odinga yamenyesheje ko azotanga ivyerekana ko amatora yaranzwe n’ubusuma.
Mwomenya ko mu mpera z’indwi iheze habaye intureka ku nkengera z’igisagara za Nairobi mu bice vya Kibera,Mathare hamwe na Kawangware hamwe no mu gisagara ca Kisumu.