Igisongerezi mu ntwazangabo mu gisirikare c’igihugu azwi kw ‘izina rya NDAYIZEYE yarapfuye mw’ijoro ryo kuw’Imana buca ari kuwa mbere igenekerezo rya 14 Myandagaro 2017 yishwe na mugenzi we ku kirindiro c’abasirikare kiri ku mutumba Nyarutongo,komine Giteranyi iri mu ntara ya Muyinga.
Amakuru ava mu ntara ya Muyinga amenyesha ko ico gisongerezi mu ntwazangabo coba cishwe na mugenzi we bakorana wo ku rwego rwo hasi Caporal Mugabo,uwo nawe inkoho yakoresha n’umwambaro wa gisirikare vyiwe vyatowe mw’ishamba ryegereye ikirindiro.
Ahejeje kumwica, caporal Mugabo yoba yaciye ahunga, ahungira mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.
Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko icatumye caporal Mugabo yica mugenzi we kizomenyekana mu gihe caporal Mugabo yofatwa.