Abdel Fattah al Sisi umukuru w’igihugu ca Misiri yagendeye igihugu c’uRwanda

Prezida Al Sisi (i buryo) ashira urugori rw’anashurwe ku rwibutso rwa jenoside i Gisozi
Umukuru w’igihugu cya Misiri General Abdel Fattah al Sisi yatanguye uruzinduko rw’iminsi 2 mu Rwanda.

Uretse ibibazo vya politiki rusange, abakuru b’ibihugu bose ngo baragirana ibiganiro ku mubano wihariye hagati y’ibihugu .

Biteganijwe kandi ko hashirwa ibikumu ku masezerano menshi y’ugufatanya hagati ya Misiri n’U Rwanda.

Umubano w’ibihugu  ukunze kugaragara mu nzego za gisirikare, aho abasirikare benshi b’U Rwanda barungikwa mu mahugurwa mu Misiri.

Mu rwego rwubudandaji, U Rwanda rurungika mu Misiri ibicuruzwa vyiganjemo icayi n’ikawa biharugwa agaciro ka miliyoni 30 z’amadolari, mu gihe Misiri yo irungika mu Rwanda ibicuruzwa vyiganjemo ibikoresho vy’u bwubatsi biharugwa muri miliyoni 64 z’Amadolari.

Urugendo rwa Prezida Abdel Fattah al Sisi mu bihugu vyo munsi yubutayu bwa Sahara ngo ruri mu rwego rw’ubudandaji aho iki gihugu cifuza gushobora akayabo ka miliyari 7 z’amadolari.

Mu Rwanda ishoramari rya Misiri ngo rizoraba cane urwego rw’inguvu z’amashanyarazi ndetse no gukwirakwiza amazi meza.

Muri runo ruzinduko bitaganijwe ko hashirwa umukono ku mishinga y’ishoramari.

Muri yo ngo hari nko kwugurura imiryango Kompanyi ya Eyptair igatangiza ingendo mu Rwanda .

Urugendo rwa Abdel Fattah Al Sisi rwatanguriye mu gihugu cya Tanzania, rugomba no kugera mu bihugu bya Tchad na Gabon. Al Sisi yaravye n’amafoto y’abaguye muri jenoside yo mu Rwanda.