UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA RY’ABISEZERANO YO KUWA 16/08 NA 19/08/2017 Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse, ku misi (Mercredi na Samedi) twama dufise amasengesho yo gusengera abarundi bose, u Burundi n’ isezerano I. Urufatiro : « GARUKE MUVE MUBIGABITANYO MUBONE KUBAHO » EZEKIYELI 18: 30-32
II. Inyigisho zo gutanga: ITEGURIRE URUGAMBA KANDI MUHUMURE YESU YARATSINZE (Abayefeso 6:10-24)
– ukuri kw’urugamba ni uko ruri mu mpwemu no mu mubiri (Abigalatiya 5:16-17)
-Aho intambara zibera ni mu mutima wawe no mugihugu (2Abami 6:16)
– Ibirwanishwa vy’urugamba (Abayefeso 6:13-15)
III.IVYOMPWE YERA YAHISHUYE:
1. Abantu benshi bataye umutwe barondera uko babaho ariko ntibabazi uko bari bubeho baguwe neza .
2.Dusabwa guta icaha kure gutyo turabaho mumahoro yo mumitima. Muzirikane neza yuko ntamahoro kumunyavyaha.
3. Uwukora icaha mw’Ihanga ry’Imana aba asa nkuwiyahura (Ezechieli 18:31 ) IV. ICO USABWA KUGITI CAWE 1. Igigwa kure icaha n’igisa naco maze wirabire ugutabagwa n’Imana kugushikeko.
IV. IMITWARO 1.Gusengera ihanga n’abarigize bose ;gushika kubagwaye, impfuvyi, abapfunzwe; n’abapfajazi
2 .gusengera abari mungendo zitandukanye z’ibikorwa vy’Ihanga ry’Imana mubasabire uburinzi n’ukuroranirwa .
Tubaye turabashimira kukigoro k’amasengesho muzogira kuri iyo minsi ibiri . Ni Dusangwe IMANA-BURUNDI N’ISEZERANO .
Bigiriwe I Bujumbura kuwa 15/08/2017 http://www.abisezerano.com