Ikinyamakuru ca Korea ya Ruguru cerekanye amafoto Kim Jong-un asuzuma ipura za gisirikareNaho yasa niyamaze kwitegura kurungika umucanwa kuri Guam, Korea ya Ruguru yavuze ko igiye kuraba ivyo « abasazi b’aba Yankees » bakora imbere yuko ifata ingingo.
Mu ndwi iheze haribonekeje ingwano y’amajambo inyuma yaho ico gihugu kimenyeshereje ko kigiye gutera Guam.
Ikinyamakuru c’igihugu KCNA cavuze ko Kim Jong-un « yasuzumye ipura yo gutera umwanya muremure » munyuma ayiharirirako n’abasirikare bakuru.
US yamenyesheje ko ishobora gutera Korea ya Ruguru
Hagataho muri Korea Yepfo hari imyiyerekano yo gusaba ko horondegwa inyishu iciye mu mahoro ku bijanye n’uruhagarara rutegwa n’umugambi wa « nucléaire » wa Korea ya Ruguru.
Basaba leta hamwe na Amerika guhagarika imyimenyerezo ya gisirikare, itegekanijwe gutangura mu ndwi iza.
Prezida wa Korea Yepfo, Moon Jae-in, yavuze ko ata bitero vya gisirikare bizokogwa mu karere ka Korea, igihugu ciwe kitabanje kuvyemeza.
Yasavye ko hoba ibiganiro, amenyesha ko leta yiwe itazigera yemera ko haduka ingwano.