Bujumbura: umugambwe UPRONA winjiye inyubakwa Rwagasore Conference Hall.

Umugambwe UPRONA winjiye kuri uwu w’Imana inzu y’amanama n’imanza yubatswe ku cicaro gikuru c’uwo mugambwe i Bujumbura (Ku Mugumya), ku buryo bw’abagize uwo mugambwe. Muri uwo mugambwe bakaba kandi binjiye ibibuga bitatu (Bibiri vya Volleyball hamwe na kimwe ca Basketball).Mu mugambwe UPRONA bavuga ko iyo nzu y’amanama « RWAGASORE CONFERENCE HALL » izokwakira abantu bo mu migambwe yose bipfuza kuhagirira imanza.
Abel GASHATSI, umukuru w’uwo mugambwe agira ati : « Abazoza muri iyo ngoro, abazohagirira inama hamwe n’abazokira kuri ivyo bibuga, ntibazoba ari Abadasigana ba UPRONA gusa, ni Abarundi bose. »

Umugambwe UPRONA ukwije umwaka wose urongowe na Abel GASHATSI yatowe mw’ikoraniro ryabaye kw’igenekerezo rya 14 Myandagaro 2016. Uwo mwaka ariko uheze uwo mugambwe ukigizwe n’amashami abiri. Ishami rimwe rirongowe na Abel GASHATSI yemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe n’irindi shami rirongowe na Evariste NDAYIMPENDA atemewe n’ubwo bushikiranganji.

Abel GASHATSI avuga ko ukwiyunga kw’ayo mashami abiri kuri mu migambi yihaye, akavuga ariko ko mu kurindira, uwo mugambwe ubandanya mu guhera hafi, ku banyamugambwe bo mu gihugu hagati. Uwo akwije umwaka aramutswa umugambwe UPRONA avuga ariko naho imibonano iba, urwo ruhande rundi rusa n’urukwega ibirenge.

« Turabonana, tukavugana, mugabo turabona ko ku mvo izi canke ziriya ntibahuta babanguka. Ushobora gusanga barafashe iyindi nzira. Mbega boba barafashe y’ukwigumira mu Mizero y’Abarundi, canke mu kuja mu wundi mugambwe ? Abo tuzobareka bagende, ariko twebwe twigira muri ba bandi banywanyi bagaruke mu mugambwe wa RWAGASORE. »

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, akaba n’umukuru w’inama nkuru y’imboneza mu mugambwe UPRONA, arashimira urwego nyobozi rw’uwo mugambwe, akavuga ko kuva mu mwaka w’1991 uwo mugambwe urongowe na Nicolas MAYUGI, ata nyubako n’imwe y’indi y’umugambwe yari bwaboneke. Arakeza Abel GASHATSI kuri iyo nzu y’amanama hamwe n’ibibuga yubakishije. muri ico kiringo c’umwaka giheze, Gaston SINDIMWO yahaye Abel GASHATSI hamwe n’abo bafashanya mu burongozi amanota 98 kw’ijana.