Grace Mugabe umupfasoni wa Robert Mugabe yagirizwa gukubita umukobwa yari kumwe n’abahungu biwe mwihoteli

Umugore w’umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe, ariwe Grace Mugabe yishikanye imbere y’igiporisi mu gihugu ca Afrika y’epfo, inyuma yo kwagirizwa ko yakubise umwigeme azwi kw’izina rya Gabriella Engels yasanze ari kumwe n’abahungu biwe mw’ihoteri aho muri gihugu ca Afirika y’epfo.Iradiyo BBC imenyesha ko Grace Mugabe yakubitse Gabriella w’imyaka 20 mu mpera z’iyi ndwi, igihe yamusanga arikumwe n’abahungu biwe mw’ihoteri iri mu gace kitwa Sandton mu gisagara ca Johannesburburg.

Grace Mugabe yari yagiye mu gihugu ca Afrika y’epfo agiye kwivuza inyuma yo kugira isanganya mu kwezi guheze kwa Mukakaro.

Umushikiranganji w’umutekano wo muri Afrika y’epfo, Fikile Mbalula, yamenyesheje ko Grace Mugabe ategerezwa kuja imbere y’ubutungane, kuko ata muntu yoja mu gihugu ca Zimbabwe ngo akore ivyo yishakiye bitajanye n’amategeko.

Umwigeme Gabriella Angels yamenyesheje ko yakubitishijwe umugozi bakoresha mu kwinjiza umuriro mu mashini nyabwonko, ivyatumye akomereka ndetse asigarana inguma ku mubiri.

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru mu gihugu ca Zimbabwe Christopher Mushowe yamenyesheje ko ibiregwa Grace Mugabe ataco abiziko.

Gabriella Engels yakomerekejwe ku gahanga n’umupfasoni w’umukuru w’igihugu Robert MUGABE