Ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe mu ruzi Ndurumu rugabura komine Buhiga na Komine Bugenyuzi zo mu ntara ya Karusi.
Amakuru ava mu bajejwe umutekano aho mu ntara ya Karusi amenyesha ko ico kiziga catowe mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 16 Myandagaro 2017, kiboheye mu musegetera, amaboko n’amaguru aboshe.
Domitien BIZIMANA komiseri w’igiporisi mu ntara ya Karusi amenyesha ko ico kiziga caciwe kijanwa mu buruhukiro bw’ibitaro bikuru vy’intara ya Karusi.
Amakuru ava aho mu ntara ya Karusi amenyesha kandi ko uwo muntu ashobora kuba yiciwe ahandi hanyuma atabwa mu ruzi Ndurumu.