Kenya : ONU yanse kwakira ivyasabwe na Raila Odinga 

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryanse kwakira ivyasabwe n’umukuru w’abatavuga rumwe na Reta ya Kenya Raila Odinga, ko ryofasha gukurikirana ivyavuye mu matora yatunganijwe kw’igenekerezo rya 8 myandagaro 2017.
Umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yanse kwakira ivyasabwe na Raila Odinga ,avuga ko ivyasabwe n’umunyabanga mukuru wa ONU Antonio Gutierrez ko indyane zotorerwa inyishu biciye mu nzira zirekuriwe n’ibwirizwa nshingiro ,arivyo vyoshirwa imbere.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko rigiye gukurikiranira hafi umugambi Raila Odinga yavuze ko ashira ahabona kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 16 Myandagaro 2017.

Inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu ,umukuru w’urunani rutavuga rumwe na Reta NASA, Raila Odinga,yari yamenyesheje ko hari ivyemeza bikwiye vyerekana ko amatora y’umukuru w’igihugu yaranzwe n’ubusuma.