Abantu bane bava ku mutumba Musumba, komine Kinyinya mu ntara ya Ruyigi barahagaritswe n’abajejwe umutekano bagirizwa gukora urudandazwa rw’abantu babarungika mu gihugu ca Tanzaniya.
Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uko ari bane bahagaritswe kuwa kabiri igenekerezo rya 15 Myandagaro 2017 nk’igihe c’isaha zitanu z’umutaga.
Amakuru dukesha umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko uko ari bane bose baciye bajanywa mu giporisi muri komine Kinyinya, aho bariko bakorerwa amadosiye kugira bace bashikirizwa ubutungane.
Ayo makuru nyene amenyesha ko ku muntu wese ashoboye gushika mu gihugu ca Tanzaniya, bamuronkako amafaranga ibihumbi 30 vy’amarundi.