Ubushikiranganji bw’indero burabeshuza ku manota yafatiweko ku kibazo ca Leta 

Ubushikiranganji bw’indero burabeshuza amakuru yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi kuri uwu w’Imana, avuga ko amanota yafatiweko ku bakoze ibibazo mu kibazo c’ukwinjira mu gice ca kabiri c’ishure shingiro yamenyekanye. Muri ubwo bushikiranganji bavuga ko ayo makuru atariyo.
JUMA Edouard, umuvugizi w’ubushikiranji bw’indero amenyesha ko muri ubwo bushikiranganji bataravuga amanota yafatiweko, bagasaba abavyeyi hamwe n’abanyeshure bakoze ivyo bibazo ko borindira itangazo rivuga ayo manota rizosohorwa n’umushikiranganji w’indero.

Tubamenyeshe ko ayo makuru yabeshujwe n’ubushikiranganji bw’indero yavuga ko mu mwaka w’icenda amanota yafatiweko ari ibice 48 kw’ijana, ni ukuvuga amanota 98 ku 200.

Ku banyeshure bo mu mwaka w’icumi nabo, ayo makuru yavuga ko bafatiye mu manota 108.