Umugambwe uri kubutegetsi I burundi cndd-fdd wateguye amasengesho y’iminsi itatu.

Ubuyobozi bukuru bw’umugambwe CNDD FDD bumenyesha ko butumiye abanywanyi bose b’uwo mugambwe, incuti zawo hamwe n’abandi bose bavyipfuza mu gisabisho gihuza abemera Imana bose.
Nk’uko biri mu butumire bw’ico gisabisho, uwo mugambwe uvuga ko ico gisabisho ari ico gukenguruka hamwe n’ugushikikanira Imana ku vyiza idasiba kugirira Uburundi n’umugambwe CNDD FDD.

Ico gisabisho ni ic’iminsi itatu, kikaba gitangura kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 16 Myandagaro 2017, gushika ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 18 Myandagaro 2017 mu gisagara ca Gitega.

Icivugo ni : « Abagumyabanga twashize Imana mu kibanza ca mbere, tugume dukenguruka. »