Umukuru w’ishirahamwe ’’Together for a Great Burundi’’ Lorenne Flavine MUREMESHA yamenyesheje ko urwo rugonde muri zone Buterere barugize mu ntumbero yo kwereka no gushira mu mitima abo bana bari mu bihe bigoye ivyiza vyo kwiga.
Lorenne Flavine MUREMESHA yavuze kandi ko kuba bagiye muri zone Buterere ari kugira basubize icizere imiryango iri mu bihe bitoroshe babicishije mu mu kubiyegereza.
Lorenne Flavine MUREMESHA,arongoye ishirahamwe ’’Together for a Great Burundi’’
Umwe mu baronkejwe ivyo bikoresho vy’ishuri n’ishirahamwe ’’Together for a Great Burundi’’ yavuze ko ashima ico gikorwa cakozwe n’abarundi baba hanze y’igihugu, agasaba n’abandi babishoboye kubafasha kuko hakiri vyinshi bakeneye kugira bige neza.
Bahejeje gutanga iyo nfashanyo abari bagiye baserukira ishirahamwe ’’Together for a Great Burundi’’ bivuniye akanyota hamwe n’abana bari bagendeye.