Espanye: Imodoka y’ivyihebe yihaye inkumbi i Barcelon yica 13

Abapolisi muri Espagne baravuga ko abantu babarirwa muri mirongo bakomeretse igihe umuntu yari utwaye imodoka yayigongesheje abantu mu muji wa Barcelona ahazwi nka Las Ramblas.

Uwo mushoferi yari utwaye imodoka yo mu bwoko bwa van yacitse agenda n’amaguru.

Ibikorwa vyo kumuhiga byatangiye. Las Ramblas ni ibarabara riba zuzuye ingenzi.

Abategetsi bo mu ntara ya Catalonia baravuga ko abantu bagera kuri cumi na batatu baguye muri ico gitero naho abagera kuri mirongo itanu barakomereka.

Hari umugabo umwe ukekwaho kugira uruhare muri ico gitero yatawe muri yompi ariko ntabwo bizwi neza yuko ariwe yari utwaye iyo modoka. Igipolisi kivuga yuko ari igitero c’iterabwoba.