Amasengesho yateguwe n’umugambwe CNDD FDD ageze ku munsi wa kabiri, akaba ariko abera mu ntara ya Gitega. Mw’ijambo yashikirije ku munsi wa mbere wayo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Evariste NDAYISHIMIYE yibukije ko iminsi itatu ayo masengesho azomara ari iminsi y’ugukenguruka, ugusabana imbabazi, hamwe n’ukuguma mu rukundo rw’Imana.
Muri iyo minsi itatu, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD avuga ko abitavye ayo masengesho bazohakura umutima y’ukubabarana, umutima w’impuhwe, umutima w’umwizero, hamwe n’umutima w’ugusubiza hamwe. Evariste NDAYISHIMIYE aravuga ibigiye gukoreka mu Burundi.
« Imana ifise umugambi ukomeye ku Burundi. Nta muti w’ineza y’abarundi uzozanwa n’abanyamahanga. Nabonye neza ko agatimatare twabitse muri twebwe kagiye gusambuka. Imana niyo isambura urwanko mu bantu. »
Kwandika mu mategeko ko Uburundi bushikirijwe Imana
Mu gihe ayo masengesho yatunganijwe n’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe yasavye ko mu mategeko y’Uburundi boshiramwo ko Uburundi bushikirijwe Imana.
« Gutyo n’abatoranijwe ngo baturongore baze bame bazi ko Imana ari ikiruta ikindi. Mbega ko abatowe babanza kwishikana imbere y’ababatoye mu gutangura amabanga, vyodutwara iki abo batowe n’abantu babanje kwishikana n’imbere y’Imana, mu gutangura amabanga, bakayemerera ko batazoyihemukira ? Bamaze kuyishikanako hari n’aho abadatinya amaso y’abantu bohava Imana yoyo bayitinya hanyuma abenegihugu bakahatorera akoyokwe. »
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD
Mw’ijambo yashikirije, Evariste NDAYISHIMIYE yasavye kandi Imana ko yokura ubwoba mu Barundi bahunze, bashobore guhunguka.
« Dusabire n’ababatera ubwoba. Bizoba bihimbaye hamwe uwu mwaka wohera Abarundi bose turi iwacu, guhimbawe, kandi tunezerererwa igihugu cacu. »
Uwo mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi umenyesha ko ushigikiye ubumwe n’ukunywana kw’Abarundi, ariko ukavuga ko abakoze ivyaha vy’agahomerabunwa muri kahise boreka kugira ubwoba. Aho Evariste NDAYISHIMIYE agira ati :
« Ababuze ntiboguma bahiga kwihora, kanatsinda nta murundi n’umwe atabuze. Mbega uwokwihora wewe, abo yabuze boca bagaruka ? »
Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko abarundi bakwiye kumenya gutandukanya ivyaha vyashikirijwe umurwi CVR ujejwe kumenyesha ukuri n’ukunywanisha Abarundi, hamwe n’ivyaha bikorwa mu bihe vy’ubu.
Evariste NDAYISHIMIYE aragaruka ariko akamenyesha ko ubutungane aribwo buzana amahoro mu gihugu.
« Nizaba indyane zaradutse mu gihugu, nuko ubutungane bwari bwaranigiwe mu menshi. Ubu harageze ko tubukomeza, tukabushigikira kugira ntibusubire kuba inkomoko y’ukwihorahorana. »
Mu gisabisho c’ugutanguza ico gikorane kiriko bibera mu ntara ya Gitega, Musenyeri Simoni NTAMWANA, umwungere wa Ekereziya Gaturika muri iyo ntara yibukije abatwara Uburundi ko bikoreye ibanga rikomeye, abasabira umutima y’ukwubaha umuntu wese, kuko ari ikiremwa gifise ishusho y’Imana.
Musenyeri Simoni NTAMWANA, Umwungere wa Ekereziya Gaturika mu ntara ya Gitega
Muri ico gisabisho, Musenyeri NTAMWANA yasenze ati : Mana nzima, ni wewe soko ry’ubuzima, ukubaho n’ukuramba. Turagusenga turakuyaga, turakuninahaje, turagukengurukiye, wadushikanye ngaha ngo dusangire iki gikorwa ceranda co gukerenguka ivyo wagiye uratugirira wewe mana kigongwe, wewe mana mpuhwe, turagushimiye. Waraturagije twebwe aba CNDD FDD ukurongora n’ugutunganya igihugu muri iki gihe. Nta n’umwe vyoroheye kurangura ibanga ryiwe, noneho turazi ko atakintu kirama mu muntu utari kumwe nawe, utamufashije n’ubukomezi bwawe bweranda kandi bwuzuye urukundo. Twumvishe ko twikoreye ibanga riremereye rishaka umutima w’ukuri n’umutima w’ubutungane. Twumvishe kandi ko turi mw’ibanga ryawe kuko ni wewe musa wigira imbere igihugu cawe ukakigabira kuroranirwa n’ukubaho mu mahoro. Dufashe dutegere ko turi abafasha bawe. Ico cose turangura, came cisunga uwo mutima. Muri iyi misi yo kugukengurukira, vyura muri twese umutima wifata ruto kugira ngo tukwubahe, twongere twubahe umuntu wese kuko ari ikiremwa cawe gifise ishusho ryawe mu kwitwararika ico cose adusaba kimugirira neza, kimuzanira amajambere yiwe, ineza y’umutima n’iy’umubiri. Ko wadutumiye kutuyagisha, dukundire se Mana tugushikirize n’umutima w’urukundo kandi ukwizeye, ivyo vyose bihagaritse umutima abarundi n’abarundikazi vy’iki gihe, vyakire mu kigongwe cawe no mu bwitonzi bwawe, maze udufashe kubitorera umuti, maze ukomeze intambwe y’ubwigenge bwacu, ukomeze intambwe y’amajambere twese dukenye, ukomeze intambwe y’ubutunzi buhembura igihugu cacu n’abacu. Ese wotubera umuvyeyi twama twatabaje, twama twahanuje, kandi tukagamburukira, kugira ngo ibanga watujeje, ritungane mw’izina ryawe. Ibi tugusavye, nibihinduke ubuzima bwacu bwa misi yose. Aho tuzoba turi hose, bize bimenyekane ko turabawe babushitse. »