RDC: Abantu barenga 40 bishwe nibihomoka mu majaruguru y’uburasirazuba bwa Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo (RDC).

Vyabereye hagati y’ikiyaga ca Albert n’umusozi ucegereye.
Imvura ikaze yatumye umusozi wegereye ako gace ugwa muri ako gace .

Iro bara ryabaye ahantu bita Tora, ryahitanye abantu babarirwa muri 40 hakomereka batanu.

Icegera c’umuyobozi w’intara ya Ituri, Pacifique Keta, yavuze ko imvura ikaze yaguye yaciye ibiraro kandi n’ubutaka busidukira ku nzu z’abarovyi ziri ku nkengero z’ico kiyaga.

Abandi bapfuye bashakisha inzahabu mu birombe.

Isiduka rya kabiri ry’ubutaka ryabereye kuri bilometero 10 uvuye i Tora rihitana abantu babiri barengewe n’ivyondo mu kirombe bashakamwo amabuye y’agaciro ku buryo butemewe n’amategeko.

Ubutegetsi buratinya ko hashobora kuba izindi mpanuka kubera imvura nyinshi iriko iragwa muri kino gihe muri ako karere.