Ubuhindi : Umukobwa w’imyaka 10 yavye umwana w’ibiro birenga bibiri 

Umwana w’umukobwa w’imyaka 10 yafaswe ku nguvu mu gisagara ca Chandigarh mu gihugu c’Ubuhindi yavyaye umwana w’umukobwa inyuma y’imisi yankiwe n’ubutungane gukurayo inda.
Amakuru ava aho mu gihugu c’ubuhindi amenyesha ko uyo mwana yavyaye abazwe uruhinja rupima ibiro 2,5 kandi ko gushika ubu ataramenya ko yavyaye kuko igihe yarafise inda yabwiwe ko afise ibuye rinini mu nda yiwe.

Ubutungane bwo mu gisagara ca Chandigarh bwanse ko uyo mwana akuramwo inda kuko yarigeze mu ndwi za nyuma zo kuvyara inyuma yaho abaganga bavuze ko iyo nda bayimukuyemwo ko vyogira ingaruka mbi ku magara yuwo mwana w’umukobwa.

Mwomenya ko uyo mwana w’umukobwa yafashwe ku nguvu incuro nyinshi mumezi indwi aheze n’umugabo yari yubakanye na nyina w’uyo mwana ubu akaba ari mw’ibohero.