Gitega : Ikiziga c’umwigeme catowe mu ruzi Ruvyironza 

Ikiziga c’umwigeme atamenyekanye catowe mu ruzi ruvyironza rugabura komine Gishubi na komine Makebuko zo mu ntara ya Gitega.
Amakuru ava mu begereye ahatowe ico kiziga amenyesha ko ico kiziga catowe hagati y’umutumba Buga wo muri komine Makebuko na Murehe wo muri komine Gishubi.

Ayo makuru nyene amenyesha ko ico kiziga cabonetse ko yari yakomerekejwe ku ruhande rwo ku gutwi.

Amakuru y’itorwa ry’ico kiziga yemejwe kandi n’umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE.