Ikigo East African Community Languages Training House gisaba abavyeyi kurungika abana kwiga indimi 

Ikigo kijejwe kwigisha indimi zitandukaye East African Community Languages Training House caratunganije inyigisho z’ururimi rw’icongereza ku bana bari mu buruhuko. Umukuru w’ico kigo ahamagarira abavyeyi kurungika abana babo kugira babafashe kumenyera kuvuga indimi zitandukanye kuko bifise akamaro mu buzima.
Umukuru w’ikigo East African Community Languages Training House Celestin NIYONGABO, amenyesha ko inyigisho z’icongereza ku bana bari mu buruhuko zatunganijwe mu ntumbero yo guteza imbere izo ndimi no kuzikundisha abana.

Celestin NIYONGABO avuga ko uwo mugambi wo kumenyereza abantu kuvuga indimi zitandukanye udakorwa ku bana gusa, ariko ushika no kubakuze.

Umukuru w’ikigo East African Community Languages Training House arerekana akamaro ko kwiga indimi zitandukanye kuva ku bana no gushika ku bakuze.

Ati :« Dutunganya izi nyigisho kugira dufashe abantu , kuva ku bana gushika ku bakuze, kuja ku murongo umwe no guhiganwa kw’isoko ry’akazi no ku yandi masoko. »

Celestin NIYONGABO arongoye ikigo East African Community Languages Training House arashima kuba hari abavyeyi bajijutse bakarungika abana babo mu nyigisho z’icongereza.

Avuga ati :« Hari abavyeyi batahuye umugambi, batahuye n’akamaro kawo. Abo bavyeyi barashingira intahe igikorwa dukorera abana babo. »

Umukuru w’ikigo East African Community Languages Training House atera akamo abavyeyi batarumva umugambi, ko mu mwaka uza borungika abana babo muri izo nyigisho.

Ikigo East African Community Languages Training House kiri mu migambi y’ishirahamwe Ensemble pour le Developpement de notre Secteur ‘’EDENOS’’ ryishinze guteza imbere iterambere mu bijanye n’ubutunzi,imibano n’imico.

Ikigo East African Community Languages Training House gifise aho cigishiriza 9 mu gisagara ca Bujumbura arivyo Kinanira,Kinindo,Gasekebuye, Gihosha,Nyakabiga,Ngagara, Carama n’ibibanza bibiri vyo mu Kanyosha hamwe n’ikibanza kimwe mu ntara ya Gitega.

Muri kino gihe c’uburuhuko, ikigo East African Community Languages Training House kiriko cigisha abana 600 mu gisagara ca Bujumbura, hamwe n’abana 360 mu ntara ya Gitega.