Prezida Paul Kagame yarahiriye kubanda arongora u Rwanda ikindi kiringo ca gatatu c’imyaka indwi.
Prezida Kagame yaheruka gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu mu ndwi zibiri ziheze, ku majwi 98 kw’ijana.
Umusi mukuru wo kurahizwa ubera ku kibuga c’umupira citiriwe amahoro mu gisagara ca Kigali.
Abakuru b’ibihugu barenga 20 bava mu bihugu bitandukanye vya Afrika baza kuba bari muri ivyo birori.
Muri bo, hari prezida wa Sudan Omar Al Beshir aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC.
Urwanda nta masezerano bafitaniye n’iyo sentare
Ejo mu Rwanda bazohitamwo umukuru w’igihugu hagati y’abagabo batatu batanganya amahirwe.
Abanyarwanda bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu
Muri ayo matora y’umukuru w’igihugu, abandi bari bahanganye na prezida Kagame, Philippe Mpayimana yigenga na Frank Habineza wo mu mugambwe wa Green Party bose hamwe baronse ijwi rimwe kw’ijana.
Ayo matora yaranenzwe na bimwe mu bihugu nka Amerika yavuze ko uko politike yifashe mu Rwanda, iha urubuga umuntu umwe gusa kubandanya atwara.