Espagne:baracarondera 3 mu biyahuzi bagavye igitero

Abiyahuzi bakoze ibara muri Espagne baracaronderwaIgipolisi ca Espagne kiracarondera babatu mu bagize umugwi w’abarwanyi ba ki Islam bagavye ibitero mu miji ya Barcelone na Cambrilis.

Barimwo Younes Abouyaaqoub, umugabo igipolisi cemeza ko ariwe yatwaye imodoka yahitanye abantu i Las Rambas.

Abajejwe intwaro bari babanje kuvuga ko Moussa Oukabir ariwe yakekwa, banavuga ko yishwe.

Abantu mirongo itanu n’icenda baracari mu bitaro nyuma y’igitero i Barcelone, cumi na batanu muri bo bakaba baremvye cane.

Indwi mu bahasize ubuzima baramaze kurangwa n’abapolisi, bakaba bagizwe n’abanye Espagne batanu, Umutaliyano umwe hamwe n’umunye Portugal.