Imbonerakure zahaye agashimwe Petero Nkurunziza

Abo mu rwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD zo mu gihugu cose c’Uburundi bari mu ntara ya Gitega mw’ihuriro ryabo bitiriye « ImbonerakureDay ». N’urwaruka rwo mu migambwe iri ku butegetsi mu bindi bihugu ruri aho mu ntara ya Gitega kwifadikanya n’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi.
Ibihugu tumaze kumenya vyarungitse abaserukira urwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegetsi ni Turquie, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Cameroun, Tchad, hamwe na Sudani y’epfo.

Abitavye iryo huriro batanguriye ku bikorwa rusangi, bari kumwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bakaba mbere bamuhaye agashimwe yashikirijwe n’imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD.

Kuri ako gashimwe, Imbonerakure za CNDD FDD zabwiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ko yohangama ku ngoma.