
Afrika y’epfo yasanze ari ngombwa kubungabunga imigenderanire myiza na Zimbabwe
Umugore wa Prezida Robert Mugabe yagirizwa guhohotera umuranzi w’imideri w’imyaka mirongo ibiri, Gabriella Engels, mu ndwi iheze i Johannesburg mw’ihoteli abahungu biwe barimwo.
Igisata ca Afrika y’epfo kijejwe imigenderanire mpuzamakungu kivuga ko icemezo co kumuha ubudahangarwa nk’uwuserukiye igihugu kitari coroshe.

Gabriella Engels yahohotewe ari mw’ihoteli imwe n’abahungu ba Grace Mugabe i Johannesburg
Ngo ariko vyari ngombwa kubungabunga imigenderanire myiza n’igihugu ca Zimbabwe.
Umwe mubaserukiye uwahohotewe yavuze ko ariko arihweza kwunguruza kuri iyo ngingo.