
Ubwato USS Indianapolis bwarashwe n’Abayapani mu mpera z’intambara ya kabiri y’isi
Ubwato bw’ingwano bwa Amerika, USS Indianapolis, bwarashwe n’Ubuyapani mu mpera z’intambara ya kabiri y’isi, bwatowe ibisigarira mu kiyaga ca Philippine.
Ibisagarira vy’ubwo bwato babisanze ku birometero bitanu werekeza munsi mu mazi, bitorwa n’umugwi w’abaronderezi wahawe uburyo n’uwafashije gushinga ikigo Microsoft, Paul Allen.
Ubwo bwato bw’intambara bwari buhejeje igikorwa co mw’ibanga co gushikana ibice vy’igisasu ruhonyanganda cakoreshejwe Hiroshima, igihe Abayapani babutera ibisasu.

Bamwe mu bari barokotse bariwe n’amafi imbere y’uko ubutabazi bushika
Ica gatatu c’abakora muri ubwo bwato bashika igihumbi n’amajana atatu bararusimvye ubwato bukirohoma.
Ariko abarenga ica kabiri barapfuye imbere y’uko ubutabazi bushika haciye iminsi itanu, benshi baribwa n’amafi yo mu bwoko bwa sharks mu Congereza.