
Jeremie MINANI umwe mu banyeporitike bahuze igihugu amenyesha ko amasezerano ya poritike yateguwe n’umufasha w’umuhuza mu bibazo vy’Uburundi Benjamin Mkapa ari amasezerano ataco yofasha mu gutorera inyishu ibibazo kuko hari ivyo adashira imbere kandi bikenewe.
Jeremie MINANI avuga ko amasezerano yateguwe na Benjamin Mkapa umufasha w’umuhuza adatuma haba icuka ciza cotuma impunzi zihunguka, atazana ubutungane ku bantu bose bakorewe amabi ,kandi ashobora gutuma haba ivyaha bidahanwa.
Uwo munyeporitike amenyesha ko ayo masezerano ataza gufasha kugira hategurwe amatora meza mu mwaka wa 2020,kandi adatuma abapfungiwe ivya poritike barekurwa bakidegemvya.
Jeremie MINANI akavuga ko ayo masezerano akwiye kutemezwa kuko ataco yozanira Uburundi,kuko atuma abanyaporitike bagumiza umutima ku matora azoba mu mwaka wa 2020.