Gambiya : Abanyagihugu 69 bo muri Senegal birukwanye

Igihugu ca Gambiya cirukanye kuri uwu w’Imana abantu bashika kuri 69 bo mu gihugu ca Senegal, inyuma y’isakwa ryakozwe ku mugwa mukuru Banjul hamwe no mu micungararo yaho, aho abatagira ibibaranga batawe muri yompi n’abajejwe kugenzura ivyerekeye abimukira.

Amakuru ava aho i Banjul amenyesha ko abo banyesenegare birukwanwe mu gihe umushikiranganji w’imigenderanire w’igihugu ca Gambiya, Mai Ahmad Fatty yaheruka kubonana na mugenzi we w’igihugu ca Senegal Abdoulaye Daoula Diallo, mu ntumbero yo gutorera umuti ingorane z’ubwicanyi, z’ubusuma, iterabwoba hamwe n’ingorane z’urudandazwa rw’ibiyayura mutwe vyibonekeza hagati y’imbibe z’ivyo bihugu.

Bivugwa ko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri yari yifashe neza, imbere y’ivyo.

Amakuru ava mu burongozi y’igihugu ca Gambiya amenyesha ko iryo yirukanwa ryabo banyesenegare ata mvo za poritike ziri inyuma yaryo.