
Urugo rw’umugabo azwi kw’izina rya KARENZO Andre aba muri quartier KINYAMI iri mu gisagara ca Ngozi rwatewe gerenade n’abantu bataramenyekana, ariko akaba ataco yononye.
Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko iyo gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zitatu n’igice mw’ijoro ryo kuw’Imana igenekerezo rya 20 Myandagaro 2017.
Mu giporisi bavuga ko indyane zifatiye ku matongo arizo zoba zatumye haba ico gitero kuri urwo rugo.
Ayo makuru y’igiporisi amenyesha ko amatohoza yamaze gutangura.