Amakuru ava mu babanyi b’uwo mugore yishwe amenyesha ko Immelde yishwe nk’igihe c’isaha zibiri z’igitondo n’umugabo wiwe yitwa BARENGAYABO Leonidas amuhora uwundi mugore agira kabiri yagendera.
Leonidas BARENGAYABO ahejeje kwica umugore wiwe
Ayo makuru nyene amenyesha ko uwo mugabo BARENGAYABO Leonidas yari yaramenyesheje ko azokwica umugore wiwe, ari navyo yashize mu ngiro mu gatondo ko kuri uno wa mbere.
Amakuru dukesha ababa hafi y’ahaba uwo mugore avuga ko inyuma yo kwica umugore wiwe, Leonidas BARENGAYABO nawe yakubiswe cane n’abanyagihugu, arakomereka cane.

BARENGAYABO Leonidas yahavuye atwarwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Ruyigi na komiseri w’igiporisi mu ntara ya Ruyigi ari kumwe n’umushikirizamanza mukuru w’iyo ntara.