Abasirikare ba Amerika bazoguma muri Afghanistan

Umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yamenyesheje ko abasirikare ba Amerika bari mu gihugu ca Afuganisitani batazokugwa muri co gihugu, kuko vyotuma intagondwa z’abihevyi ziyongera.

Donald Trump yamenyesheje ko umugambi wo gukura ingabo za Amerika muri Afuganisitani ubaye urabangira kuko vyohava bifasha intagondwa kwisuganya zikaba nyinshi, nkuko vyagenze mu gihugu ca Irake.

Donald Trump yamenyesheje abicishije ku mboneshakure ko umugambi uriho ari uwo kwongereza abasirikare ba Amerika muri ico gihugu, kugira bakomeze umutekano hamwe no kurandurana n’imizi intangondwa zose.

Umwaka wa nyuma utegekanywa na Amerika gukorera ibikorwa vya gisirikare muri Afuganisitane hamwe n’igitigiri c’abasirikare bazokwongera ku basanzwe bari muri co gihugu ntivyamenyeshejwe.