
AMAKURU YO KWIZERWA AREREKANA NEZA YUKO PETERO BUYOYA YAHOZE ARI UMUKURU W’IGIHUGU C’UBURUNDI ARIWE ARI INYUMA Y’IMIGWI Y’ITEGURIRA GUTERA UBURUNDI IRI MURI CONGO.
Hariho icegeranyo c’abahinga ba ONU giheruka gusohoka kivuga yuko uwitwa Hussen Radjabu ariwe ari inyuma y’umugwi FOREBU uriko uregeranya ibigwanisho n’abagwanyi bava mugihugu no no mu makambi y’impunzi. Ntawuzi yuko abo bahinga ba ONU babigize n’ibigirankana kuko Petero Buyoya mwene kuba inyuma y’iyo migwi asanzwe akora muri iryo shirahamwe mpuzamakungu ONU canke yuko bihenze bakavyegeka kuri Hussein Radjabu. Hari ivyemezo vyinshi vyerekana yuko Petero Buyoya ari nawe aronderera uburyo umugwi wa FOREBU arongoranye na Colonel Edouard Nshimirimana basanzwe ari n’amacuti mumiryango, akanafasha n’umugwi RED TABARA urongowe na Sinduhije Alexi.
Abifatanije niyo migwi ibiri duhejeje kuvuga rero bahisemwo kwirukana Petero ngo bimike PETERO. Uretse umushingantahe Alexi arongoye umugambwe MSD akanemanga Umutwe w’inyeshamba RED TABARA, mwomenyako colonel EDUARD NSHIMIRIMANA ,asanzwe avuka mu ntara ya BURURI,komine VYANDA, akaba ari nawe ndongozi y’iyo FOREBU y’abageanyi bari I Congo , kandi ko atabarinda gushika ku rubuga aho ingabo ziri, ahubwo azitegekera mu gihugu c’UBUGANDA,ivyo akora vyose ariho abikorera,akoresheje terefone ziwe ngendanwa akanarungika amafaranga mugihugu no mu makambi y’impunzi ahariho hose aronse urwaruka rugomba gufata ibigwanisho.

Amakuru ava mubegereye colonel EDUARD NSHIMIRIMANA avuga yuko FOREBU yabo na Petero Buyoya kizigenza ari « TUTSI POWER »