Ibikogwa vyo gusanura ibarabara RN5 vyatangujwe.

Ibikorwa vy’ugusanura ibarabara ry’igihugu RN5 bitangura ku mugaragaro kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 22 Myandagaro 2017, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akaba ariwe atanguza ivyo bikorwa.

Ibarabara rigiye gusanurwa ni irya Bujumbura – Nyamitanga, ku mfashanyo ya banki BADEA (Banque Arabe pour le Developement Economique en Afrique), ikigega OFID (OPEC Fund for International Development), ikigega co mu gihugu ca Koweit kijejwe iterambere, hamwe n’ikigega co mu gihugu ca Arabia Saoudite kijejwe iterambere.