
Pris Nyambura n’umukobwa wiwe w’imyaka indwi i Nairobi
Umunyakenyakazi w’imyaka 28 yagiye mu gisagara ca Nairobi yitwaje icapa canditseko ko ashaka umugabo, yambaye impuzu z’ubugeni.
Pris Nyambura ni umupfasoni avyaye rimwe, akaba yitwaje icapa canditseko: « Ndipfuza umugabo, mfise umwana w’umukobwa w’imyaka indwi. »
Kuri ico ico capa nyene, hariko numero ziwe za telefone ngendanwa.
BBC yagerageje kuzihamagarako ariko igasanga ariko ayivugirako
Boba ari abitavye akamo kiwe bariko baramuhamagara?
Reka turindire.