Abapfasoni batanu b’abaislam barituye sentare nkuru bavuga ko ubwo buryo bwo kwirukanwa ikibiriraho butajanye n’ibwirizwa shingiro
Sentare nkuru yo mu Buhinde yaciye urubanza ivuga ko kwirukana umugore ikibiriraho mw’idini rya Islam bitajanye n’ibwirizwa shingiro, ingingo y’intsinzi ikomeye ku burenganzira bw’abapfasoni.
Ubuhinde ni kimwe mu bihugu bike aho umugabo w’umuislamu ashobora kwirukana umugore wiwe avuze gusa incuro zitatu ijambo talaq.
Iyo ngingo ya sentare ifashwe inyuma y’abayituye benshi biyamiriza iryo yirukanwa ry’abapfasoni
Izo manza zajanywe muri sentare n’abapfasoni batanu b’aba islam bari birukanywe muri ubwo buryo hamwe n’imigwi ibiri iharanira agateka agateka ka zina muntu.

Shayara Bano yarandikiye sentare nkuru avuga ko kuvuga ijambo talaq incuro zitatu binyuranije n’ibwirizwa shingiro
Muri iyi myaka ya vuba hariyadukije abagabo benshi b’abaislam birukanye abapfasoni babo bavuze iryo jambo talaq incuro zitatu, bakoresheje telefone ngendanwa canke ubutumwa bugufi (sms), hakoresheje WhatsApp canke Skype.
N’aho ivyo bimaze imyaka n’iyindi bikurikizwa mw’idini rya Islam, nta ho vyanditswe haba mu mategeko canke mw’Ikorowani.