Trump yiyemeje kwongereza igitigiri c’abasirikare bari muri Afghanistan
Prezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko kuvana abasirikare ba Amerika muri Afghanistan vyotuma ibibanza barimwo bijamwo abitwaje iterabwoba.
Yavuze ko mu nteguro yiwe yashaka gutahukana abo basirikare ba Amerika, ariko mu nyuma ko yafashe ingingo yo kubagumizayo kugira birindi amakosa yabaye mu gihugu ca Irak.
Yavuze kandi ko azongereza abasirikare barungikwa
Ingabo za Afghanistan zasavye igitero ca Kunduz
Ariko aravugira ku mboneshakure, prezida Trump yavuze ashimitse ko ico Amerika ishira imbere ari gukora ibintu bifitiye akamaro umutekano w’ico gihugu.

Trump yavuze ko bitoroshe gukurayo abasirikare ba Amerika muri ico gihugu
Yavuze kandi ashimitse ko kuva muri Afghanistan ikitaraganya, vyoha akaryo keza abitwaje iterabwoba gusubira kwisuganya nk’uko vyagenze mu gihugu ca Irak.
Ariko kandi Trump yaciye ku ruhande ikibazo co kumenya gushika ryari Amerika izoguma ifashanya na Afghanistan hamwe n’igitigiri ntabanduka c’abasirikare bagiye kwongerezwa.
Amafoto 198 y’abahohotewe yerekanywe muri USA
Trump yagirije igihugu ca Pakistan acagiriza ko gihaye indaro abitwaje iterabwoba, avuga ko bakwiye kubihagarika vyihuta.
Yavuze kandi no kuvyerekeye gukomeza ubucuti n’igihugu c’Ubuhinde.