UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA RY’ABISEZERANO YO KUWA 23/08 NA 26/08/2017 Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse, ku misi (Mercredi na Samedi) twama dufise amasengesho yo gusengera abarundi bose n’uBurundi bushasha be ‘ isezerano
I. Urufatiro : « Gusaba ububasha/inkomezi no gushira amanga » (2 abami 6:16) ) Ivyakozwe n’intumwa 1:6-8)
II. Inyigisho zo gutanga: ITEGURIRE URUGAMBA KANDI MUHUMURE YESU YARATSINZE (Abayefeso 6:10-24)
– ukuri kw’urugamba ni uko ruri mu mpwemu no mu mubiri (Abigalatiya 5:16-17)
-Aho intambara zibera ni mu mutima wawe no mugihugu (2Abami 6:16)
– Ibirwanishwa vy’urugamba (Abayefeso 6:13-15)
III.IVYOMPWE YERA YAHISHUYE:
1. Abantu benshi bataye umutwe barondera uko babaho ariko ntibabazi uko bari bubeho baguwe neza .
2.Uwukora icaha mw’Ihanga ry’Imana aba asa nkuwiyahura (Ezechieli 18:31 ) IV. ICO USABWA KUGITI CAWE 1. Igigwa kure icaha n’igisa naco maze wirabire ugutabagwa n’Imana kugushikeko.
2. Iyambure ubwoba bwose umenye yuko Imana iri kumwe nawe, uhagarare mukugororoka.
IV. IMITWARO 1.Gusengera ihanga n’abarigize bose ;gushika kubagwaye, impfuvyi, abapfunzwe; n’abapfajazi
2 .gusengera abari mungendo zitandukanye z’ibikorwa vy’Ihanga ry’Imana mubasabire uburinzi n’ukuroranirwa .
Tubaye turabashimira kukigoro k’amasengesho muzogira kuri iyo minsi ibiri . Ni Dusangwe IMANA-BURUNDI N’ISEZERANO .
Bigiriwe I Bujumbura kuwa 22/08/2017 http://www.abisezerano.com