Amasanganya muri REGIDESO: uwujejwe ububiko bw’amafaranga yishwe, imashini nyabwonko 18 ziraturirwa

Ibiro vy’ubudandaji vy’ishirahamwe ridandaza amazi n’umuyagankuba « REGIDESO » biri mu gisagara ca Bujumbura vyatewe n’umuriro mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu.

Uwo muriro watanguye nk’igihe c’isaha cumi n’imwe n’iminota mirongo itatu, abo mu giporisi kijejwe gukinga impanuka bakaba baciye bihutira kuzimya. Amakuru ya mbere ava aho mw’ishirahamwe REGIDESO avuga ko uwo muriro utatewe n’ikibazo c’intsinga z’amatara (Court-circuit), kuko aho uwo muyagankuba uva (compteur), hamwe n’aho uwo muyagankuba uzimirizwa canke ukatswa (Fusible) ataco habaye.

Nk’uko tubikesha umumenyashamakuru w’ikinyamakuru IGIHE ari aho kuri REGIDESO, ahabereye iyo mpanuka y’umuriro, imashini nyabwoko cumi na zitandatu (16 Ordinateurs) nizo zimaze kumenyekana ko zahiye, hamwe n’impapuro (Dossiers) zo mu gisata kijejwe kurihisha abanywanyi b’ishirahamwe REGIDESO (Cellule facturation).

Tubamenyeshe ko uwujejwe igisata c’ububiko bw’amafaranga mw’ishirahamwe REGIDESO yari agiye ku kazi kwugururira abazimya yagize isanganya ageze hafi y’ibitaro vy’abasirikare mu Kamenge. Uwo mupfasoni yahora akorera ishirahamwe REGIDESO akaba yaciye yitaba Imana aho nyene.

Ayandi makuru ajanye n’iyo mpanuka y’umuriro turayagarukako mu makuru yacu yo hanyuma.