Abayobozi b’amashure atashikanye ibice 30 kw’ijana mu kibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo gutangura igice ca kabiri c’ishure shingiro bazokurwa muri ubwo buyobozi. Hari n’amashure icenda yugawe n’ubushikiranganji bw’indero.
Umushikiranganji w’indero Janvière NDIRAHISHA amenyesha ko abanyeshure b’amashure 263 bamenye ku bice 100 kw’100, amashure angana 49 nayo akaba atashikanye ibice 20. Muri ico kibazo ca Reta gitanga uburenganzira bw’ukwinjira mu gice ca kabiri c’inyigisho z’ishure shingiro, hari amashure 9 ata munyeshure n’umwe wayo yamenye muri ico kibazo. Ayo mashure yafatiwe ingingo.
Umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA avuga ko ayo mashure icenda atashoboye kuronka umunyeshure n’umwe amenya muri ico kibazo ca Reta yugawe.

Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero, inyigisho mu mashuri y’intango, ayisumbuye, kaminuza n’ubushakashatsi
Ayo mashure akaba ari CEBU (Ntahangwa), CEPUB (NTAhangwa), EAC School (Muha), Ecole Emmaus (Ntahangwa), GIB (Ntahangwa), GS Maendeleo (Mutimbuzi), ETEC (Ntahangwa), LTI (Ntahangwa) hamwe na LT ERNIDE (Muha).
Umunani muri ayo mashure akaba ari ayo mu gisagara ca Bujumbura, rimwe muriyo naryo akaba ariryo mu ntara ya Bujumbura.