Festus Ntanyungu yagizwe umukuru wa CNTB

Umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matunga (CNTB : Commission Speciale des Terres et autres Biens) uramutswa umukuru wawo mushasha kuva kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 23 Myandagaro 2017.

Festus NTANYUNGU niwe yagenwe kuba umukuru wa CNTB, kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, inomero 100/162 ryo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 23 Myandagaro 2017.

Umushingamateka Festus NTANYUNGU wo mu mugambwe CNDD FDD yahora ari umunyamabanga mukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bibera mu Burundi (CNDI : Commision National du Dialogue Inter-Burundais), akaba ari umwe mu bagumyabanga bakomeye ba CNDD FDD basavye ikigongwe inyuma y’aho mu mwaka w’2015 banditse urwandiko rwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza.

Festus NTANYUNGU yagizwe umukuru wa CNTB

Festus NTANYUNGU abaye umukuru wa CNTB agira gatanu atwaye umurwi w’igihugu CNTB, inyuma ya Patiri Astere KANA, Musenyeri Serapiyo BAMBONANIRE, Martin MBAZUMUTIMA na Tharcisse Nkunzimana.