
Umwigeme Ndimurukundo Amissa w’imyaka 24 avuka mu Nyakabiga yaraye yitavye Imana mu buryo butaramenyekana muri zone ya Jabe. Hari abavuga ko uwo mwigeme yoba yishwe n’umuhabara wiwe azwi kw’izina rya Claude.
Mu gihe bivugwa ko umwigeme Amissa yari yagorobeje hamwe n’umusore Claude basangira agacupa ahantu bari kumwe na musaza wiwe w’uwo mwigeme yishwe, bukeye uwo musore yahavuye ahamagara ab’iwabo n’uwo mwigeme ababwira ko boja gutora ikiziga c’umwana wabo.
Abo mu muryango w’uwo mwigeme bamenyesha ko basanze ico kiziga imbere y’igitanda c’uwo musore, akaba yabahamagaye kw’iterefone akoresheje inomero zo mu gihugu kibanyi ca Congo.
Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko atakintu na kimwe cerekana ko uwo mwigeme yoba yanizwe canke yafashwe ku nguvu.
Petero NKURIKIYE avugira igiporisi amenyesha ko amatohoza yatanguye. Uwo musore Claude avuka mu Buyenzi kw’ibabara ry’indwi