KUVA AHO ICEGERANYO C’ABAHINGA BA ONU GISOHOKEYE AMAKURU ABANDANYA KUDUSHIKIRA NI UKO ABASIRIKARE BA PETERO BUYOYA NA PETERO NKURUNZIZA BAMAZE GUTEGURA KUGWANORA I CONGO KANDI YUKO BAZOBANDANYA INTAMBARA.
Abantu benshi bamaze iminsi babinuganuga mugabo bakihenda mu mujambo aho bavuga ngo UBurundi n’uRwanda bariko burarwanira muri Congo.
Amakuru yimbitse aremeza ko kuva mukwezi kwindwi kwuyu mwaka hadutse imirwano ikaze muri Kivu y’Amajyepfo muri Zone ya Fizi aho inyeshyamba za Mai mai Yakutumba zigaruriye Rulimba na Misisi umugambi ukaba waruwo kwihuta bagafata Fizi, Baraka ndetse bakazogarukira kukiraro ca Sanga hafi ya Mboko mubirometero 58 uvuye Uvira. Mugabo mwarabonye mumakuru twabashikirije yuko uwo mukuru w’aba mai mai yahavuye akishikana.
Abakurikiranira ibintu hafi barasanga iyi mirwano yadutse ihisheje vyinshi. Iyi zone ya Fizi ikikije ikiyaga ca Tanganyika ariwo mupaka wa Congo n’uBurundi.
Amakuru abandanya atubwira ko inkambi yimpunzi ikomeye ya Lusenda yakuwemwo abasirikare bose babatutsi bari abasirikare ba Petero Buyoya bayobogwa na coloneli Edouard Nshimirimana yatorotse igisirikare ca Lata y’Uburundi, maze baduzwa aho bita muri Tutsiland ya Minembwe kuja gufatanya na bamwe mubanyamurenge kwitegura kuzotera uBurundi.

Abandi nabo mu misore babandanya bandikwa bakugwa mu ntara zo mugihugu hagati mu makambi yabateshejwe izabo co kimwe no mu makambi y’impunzi zahungiye mu bindi bihugu nko mu buganda, mu rwanda no muri Tanzaniya; bakajanywa mu karere ka bubembe muri Congo aho batorezwa, kandi bagahabwa ibigwanisho Nyakwubahwa Petero Buyoya abarungikira.
Nyuma yaho Peter Nkurunziza abimenyeye yarungitse nawe muri Gongo muri utwo turere imisoresore nyinshi yatojwe ivya gisirikare kuja kwigizayo ibitero vyose vyosatira Uvira ndetse no kudurumbanya abashaka kwiyegeranya bose.
Kurundi ruhande biremezwa ko ingabo z’uRwanda nazo zari zambutse zikaja mu misozi ya Minembwe zitegereje ifirimbi gusa kugira ngo batangize imirwano.
Hagati aho, Petero Buyoya iyari mu gihugu ca Mali guserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU, aguma yenyegeza kandi anandika kurubuga gwiwe rwa twitter ngo Leta ya Petero Nkurunziza ni ije mubiganiro nimigwi iyigeanya.
Abasesanguzi b’ibintu n’ibindi baremeza neza ko intambara ikaze iriko irategurigwa muri Congo mu karere gihana urubibe n’uburundi itazoherera i Congo gusa ahubwo izosiga uburundi n’urwanda ari ivumbi n’ivyondo.