« Mu bagize umurwi CVR harimwo abadashaka ko ibikorwa bitera imbere » – CIRID

Umukuru w’ikigo CIRID gikorera mu gisata co guteza imbere ibiganiro Deo HAKIZIMANA amenyesha ko umurwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira udakora igikorwa washinzwe neza kuko hari bamwe mubawugize badashaka ko ibikrwa vyawo bitera imbere.

Deo HAKIZIMANA arongoye ikigo CIRID amenyesha ko kuva ikigo arongoye gitanguye gukorana n’umurwi CVR hari abagumye bababuragiza gushika no ku rwego rwo kugara aho bari basanzwe bakorera mu nyubakwa zikoreramwo umurwi CVR.

Deo HAKIZIMANA avuga ko mu bagize umurwi CVR harimwo abadashaka ko igikorwa kiriko gikorwa n’uwuwurongoye Musenyeri Jean Louis NAHIMANA gitera imbere. Umukuru w’ishirahamwe CIRID ntashima kuvuga abo badashaka ko CVR ibandanya ibikorwa.

Ntiturashobora kuronka abajejwe kumenyesha amakuru mu murwi CVR.

Deo HAKIZIMANA,arongoye ikigo CIRID

Umukuru w’ikigo gishira cishinze guteza imbere ibiganiro CIRID akavuga ko mu gihe igikorwa c’umurwi CVR kitoshika ku ntumbero, igihugu cose coba gihomvye kandi n’iyindi mirwi iri mu gihugu yoba igize uruhombo.

Deo HAKIZIMANA akemeza ko umurwi wo kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi ariwo uzotanga umuco ku vyabaye mu Burundi.